KAZE

Turanezerewe cane ko wahisemwo guca ngaha mbere uturabirire ngaha. Iki gihimba muri ngurukana bumenyi ihagaze cane cane kunkuru y’umwana w’icangazi, inkuru yavuzwe na Yesu mugabo ikaba yanditswe muri Bibiliya mugitabo ca Luka 15:11-32

Hari ibibanza vyinshi aho ivyanditswe vyakozwe kugirango bigufashe gutahura neza umuntu Yesu uwariwe. Twongeyemwo kandi inkuru zijanye n’umugabo Luka, ninteguro, inzira yogukirizwamwo biciye muri Yesu n’insiguro ijanye n’inkuru y’umwana w’icangazi. Twashizemwo kandi inkuru zijanye n’umugabo Luka, niyinteguro, n’inzira ijana kugakiza biciye muri Yesu Kristo.

Igice canyuma muri iki kibanza kizokwemerera ko usiga iciyumviro cawe, ubaze ikibazo, canke usabe inkuru zindi ziyongere. Mugihe uzoba watanze iciyumviro cawe canke warungitse ikibazo canke uriko urasaba izindi nyigisho, tuzoca twihuta mukukwishura ningoga na ningoga cane.

Ubugira kandi turagushimiye cane kuza kwifatanya natwe, turizera kukubona vuba kandi.