Mbega uyu mugabo Luka ninde?

Igihe yanditse icete kuri mugenzi wiwe Teyofilo, Luka ntiyigeze amenya ko ivyo yanditse bizoba igice gikomeye cane ca Bibiliya y’uno musi, mugice ubu citwa Isezerano Rishasha. Intego ryiri kete kwari ugufasha Teyofilo ashobore gutahura no kwizera Ubutumwa bwa Yesu.

Imbere yuko Luka aba uwizera Yesu, yari umuganga avura. Nico gituma vyumvikana ko yabaye umuhinga cane mukwerekana ko inkuru ya Yesu ari ukuri gusa.

Igitangaje, nuko Luka atigeze ahura na Yesu, Umwana w’ukuri w’Imana Nzima. Luka yizeye Yesu, Mesiya na Kristo aruko hageze mumwaka wa 49-50 Imbere yokuvuka kwa Yesu, n’ukuvuga imyaka 20 iheze Yesu yarazutse akaduzwa mw’ijuru.

None Luka yakuye hehe inkuru zose yandikiye Teyofile? Abigishwa vyivyanditswe bemera ko inkuru zimwe zimwe, eka nyinshi mbere zose yazikuye mugihe yavugana na Matayo hamwe na Mariko. Bobo bari ivyabona biboneye n’amaso inkuru zose zabaye kuri Yesu akiri muzima. Luka kandi yabaye uwugendanira Paulo, yoba yaramuhaye inkuru nyinshi kandi zugurura amaso.

Naho atavyabona bihari, abigisha benshi bivyanditswe bizera ko Luka yoba yaravuganye na Mariya, nyina wa Yesu. Igihe Yesu apfa akazuka yoba yari mumyaka 40 hagati. Rero yoba yarafise imyaka 60 igihe Luka akijijwe. Boba baraganiriye? Yoba yaraganirije Luka ivyo umuvyeyi wa Yesu wenyene yoba azi???

Ndavyibaza…………..