Ndamamuko Y’Indirimbo I Umwana W’Icangazi

Imyaka myinshi irenganye, nariko ndavugana na Mana Data. “Narashoboye gutahura vyinshi mubiranga Yesu nk’umuntu; mugabo sindashobora gutahura uwo uri”. Nari maze gutwara umuduga nkibirometero bibiri canke bitatu, igihe Imana Data yavugana nanje muburyo busobanutse gose iti “Umwana w’icangazi”. Niho mumayinga make akurikira naciye ngira ubushakashatsi bw’inkuru y’umwana w’icangazi.

Mu ndwi zibiri, Umwami ashira umutwaro munini ko indirimbo ikwiye kuva muribi vyose narimwo. Hari ingorane imwe gusa kurico ciyumviro. Jewe sinari nagatoya umwanditsi w’indirimbo muburyo bwose. Niho nacanzana integuro. Nari mfise abagenzi bari bazwi neza mukuba abaririmvyi, abacuraranzi ndetse n’abanditsi b’indirimbo basanzwe baba muri Kaliforniya y’amajepfo.

Naciye rero ndabandikira ivyiyumviro kanaka kugira ndabe ico bashobora gukuramwo.

Sinarinzi ko Imana Data yo yarifise iyindi nteguro kandi nziza ihimbaye kugira habe ukuvuka nokuremwa kwiyi ndirimbo nziza.

Rero, mugatondo kamwe ko kuwagatandatu, naricaye n’igitari canje, n’ikereyo, n’umugongo w’ibahasha yakoze (sinagize iciyumviro cogukoresha urupapuro rwiza kumugambi usa “n’uwatawe”).

Nkikubita umudiho wambere, amajambo yaje mumutima wanje yabaye: “Igihe umutima wanje wuzuye ivyaha waganje”. Naciye ndandika ningoga amajambo 6. Ubwo nyene nca numva ayandi majambo akurikira ati: “Nca mpitamwo kuva mukibanza cawe” ndayandika. Muminota nka 20 ikurikira, iryungane kurindi naciye ndabihabwa na Mana Data. Ndibuka neza ko nagiye menya bihagije ko nshitse kumpera zikorasi canke igitero, ugasanga ndiyumviriye nti, “Aha ndashitse kumpera z’igice ca mbere, gurtyo gurtyo…”

Mumpera z’iminota 20 gurtyo, Imana Data yari yamaze kumbwira ibice 3 bikwiye bigize “ururirimbo rwose” hamwe n’amakorasi abiri atandukanye, n’igitero canyuma. Iyo wari kuza murico cumba muruyo mwanya, ukambaza icari kibaye, sinibaza ko nari kuronka inyishu nziza. Vyamfashe amezi kugira ntahure uburemere n’ubunini bwivyabaye muriyo minota 20. Indirimbo uko nyene yanditswe niko nayihawe imyaka myinshi irarenganye. Ntarudome, ntajambo, ntaryungane ryahindutse.

Indwi iheze ivyo bibaye, nabariye Umwami, “Iyi ni indirimbo nziza. Mbe umutwe wayo witwa ngw’iki?” Inyishu yiwe yihuta yabaye iti, “NDI UMWANA W’ICANGAZI”. Vyamfashe indwi zingahe kugira ngo ntahure insiguro ikomeye uwo mutwe w’indirimbo ufise. Mundirimbo zindi menyereye nzi yuko umutwe w’amajambo uva mumajambo ari mubitero ahantu kanaka. Mugabo amajambo “NDI UMWANA W’ICANGAZI” ntanahamwe umuntu yoyasanga mumajambo agize indirimbo yose. Mugabo nsubiyemwo kuvyiyumvira, nsanga uwu mutwe w’amajambo ukwiye neza. Kuko amajambo yawo asigura ukubaho kwiyo ndirimbo.

Iyi ndirimbo, yatanzwe ivuye I bwina mumutima w’Imana Iriho, yerekana ibwina bw’urukundo rwayo, imbabazi zayo, ikigongwe cayo k’umuhungu canke umukobwa w’icangazi yihanye vyukuri, ubu akaba ashaka kuba ari “amahoro”, “mumutekano” na Abba Data, Imana Data. Icifuzo canje nuko nkurikira gose muburyo bwuzuye ubugombe bw’Imana Data mukurungika iyi ndirimbo kubakristo bose bikanarenga…