Kumukristo yizera inyishu yico kibazo ni EGO. Mugabo nikuberiki abakristo bayizera gose badakekeranya? Inyishu iri muvyizerwa rukristo ko Bibiliya ari koko Ijambo ry’Imana. Bizera ko Bibiliya yahumetsweko n’Imana, ari iyegeranywa ry’inkuru, inkuru za kahise, n’amajambo yahumekeweko n’Imana atubwira inkuru yukuri y’abayuda (Isezerano rya kera), hamwe n’inkuru y’ukuri y’ubuzima bwa Yesu Kristo (Isezerano Rishasha).
Mugabo rero mbega Bibiliya ni koko ijambo ry’Imana rikwiye? Uhereye muri kahise kuva igihe ca Yesu, ukuri kw’ijambo ry’Imana kwamye kurwanywa bakwinuba ibihe vyinshi birenga amajana. Amazina y’ibibanza, ibisagara vya kera, ivyabaye, n’ukubaho kwabantu bavuzwe muri Bibiliya vyagiye bishigwaho akabazo.
Hanyuma ntanakimwe caje kigwanya Bibiliya cigeze gisigurwa ngo gitsinde ukuri kwa Bibiliya. Ukuri nuko ubushakashatsi bwose bagiye bunyegurura ibintu bifitaniye isano na Bibiliya bwagiye bwerekana ko Bibiliya ari ukuri kutagabanije.
Rero dufise Bibiliya nk’ukuri kw’ijambo ry’Imana, none Bibiliya ivuga iki kuri Yesu?
- Mariya, nyina wa Yesu, yarakiri isugi igihe yatwara inda ya Yesu mbere akanavyara Yesu. Kumumarayika yaje arungitswe n’Imana Isumba vyose, Mariya yamubajije ati: ‘’Mbega ivyo vyoshoboka gute?’’Umumarayika yishuye gurtya nkuko vyanditswe muri Luka 1:35 ‘’Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw’Isumba vyose buzogutera igitutu: nico gituma Uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.’’
- Mugihe c’ibango ryiwe, ryatanguye afise imyaka 30, Bibiliya ivuga ko Yesu yakoze ibitangaza vyinshi. Yakijije abarwaye, yamuguruye amaso y’impumyi, akiza abantu bari bagwaye imibembe, aha mbere ubuzima kubapfuye. Nikuberiki yakoze ibi bintu vyose? Yariko yerekana kubizeye nokubakekeranya ko ariwe koko Umwana w’Imana Ihoraho.
- Munyuma mbere abarongozi b’abayuda ntibashoboye kwihanganira Yesu, kuko bamufata nkigitero kije kubangamira ubutegetsi bwabo. Babona kandi ko ari igitero kije kurwanya “agahengwe” kariho hagati yihanga ry’abayuda hamwe n’ubwami bwarongora bwabaroma. None hategerezwa gukorwa iki? Inyishu yari yoroshe. Kwemeza uburongozi bw’abaroma ko Kristo yari inzitizi ikomeye kuburongozi bw’abaroma no kwihanga ry’abayuda.
- Yesu Kristo Umwana w’Imana Nzima yaciriwe urubanza rwogupfa abambwe kumusaraba biciye mugucibwa urubanza rwagasuzuguro. (Yabambwe kumusaraba wimbaho asigwaho kugeza apfuye). Ikiziga ciwe cazingiwe mumashuka gishirwa mumva. Mugabo haciye haba ikintu gitangaje!!! Yaciye azuka ava mubapfuye, hanyuma mumisi irenga 40 yabonanye nabantu barenga 500.
Ni kuri iyi nkuru ukwizera rukristo kwubakiyeko. Abakristo bizera ko muriki gikorwa cogupfa nokuzuka ava mubapfuye mubushobozi bukomeye bwa Se, Imana Ikomeye, ko Yesu yatsinze Satani, icaha n’ubushobozi bwose bwikuzimu.
Mbega Yesu yarigeze yemera akivuga ko we ari Mesiya, Umwana w’Imana Nzima? Ego!!!
Ivyanditwe muri Mariko 14:61-62 cari ikiyago hagati y’umurongozi w’idini na Yesu. “Arihorera, ntiyamwishura na rimwe. Umuherezi mukuru yongera kumubaza, ati ni wewe Kristo, Umwna w’Ishimwa? Yesu aramwishura ati Ndi we, kandi muzobona Umwna w’umuntu yicaye uburyo bw’ububasha, azananye nibicu vyo kw’ijuru.”
Biranditswe kandi no muri Yohana 14:6 ko Yesu yavuze, “Ni jewe Nzira n’ukuri n’ubugingo: Ntawushika kuri Data ntamujanye”
Yesu ni Imana, Umukiza na Mesiya, niwe nzira ijana mw’ijuru ironkeka gusa mukwizera nyako muri We.