Agakiza niki?
Agakiza ni ugutabarwa, gukizwa ivyaha vyose (vya kera, vyubu, n’ibizoza) mbere n’ingaruka yavyo yose y’ubu n’ibihe bizoza. Abakristo bizera ko ibi bishoboka GUSA mugihe habaye ukwatura nokwizera gushitse muri Yesu Kristo, Umwana w’Imana Nzima y’ukuri.
Woba rero uriko wibaza ko bisa nkivyoroshe. Mugabo rero ngerayo gute, ndabishikako gute?
Sinumva ukuntu noshimika cane nkashimangira ivyo ngomba mvuge muburyo buhanitse gose!! Agakiza k’ukuri k’umuntu karonkeka biciye mukwatura kw’ukuri mumutima wawe ko wemeye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wawe kandi ukaba wizera ko Imana Data yamuzuye imukura mu bapfuye (Kwakuzuka kwa Yesu agaruka kuba muzima avuye murupfu).
Abaroma 10:9 “Kuko niwaturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mumutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa” Ntihavuga ngo ushobora gukizwa canke haraho wokizwa. Bibiliya iravyatura neza ko UCA UKIZWA.
Vyiza. Mugabo hoho ivyiza vyose nagiye nkora vyovyo bica bija hehe? Ibihe vyose nafashije umutamakazi kujabuka ibarabara? Ibihe vyose nazaniye umukate umuntu yicaye munzira? N’amafaranga yose nagiye nshira mugiseke mwishengero c’amashikanwa?Ukuri nuko naho wofata “ibikorwa vyiza” vyose vyagiye bikorwa n’umuryango wawe n’abagenzi bawe, mukabishira hamwe, ntibishobora gukwira kugira bigushikane mw’ijuru.
Abanyefeso 2:8 “Ubuntu (impuhwe zikomeye z’Imana n’igikundiro cayo bigukwegera kuri Kristo) nibwo bwabakijije (Gutabarwa umuntu akurwa mugucirwa urubanza rwoguhanwa maze agahabwa ubuzima budashira) kubw’ukwizera: navyo nyene (aka gakiza) ntivyavuye kuri mwebwe (si ukubera inguvu zawe), n’ingabire (umuntu adakwiriye, itanzwe kubuntu) y’Imana.”
Ijambo UBUNTU uko rikoreshejwe ngaha ni igikundiro umuntu adakwiriye kandi Atari guhabwa kivuye ku Mana Data ubihawe kubera wizeye Umwana wayo Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wawe. Nigihe wari guhagarara imbere y’Imana Data ngo ucirwe urubanza kuvyaha wakoze aha kw’isi, ntavyo yari kubona. Ahubwo ico yari kubona gusa ni Umwana wayo Yesu, ahagaze impande zawe. Ijambo ryanyuma murubanza yobacira ryoba: “WAMBITSWE IZERA. Kaze mukibanza Umwana wanje yaguteguriye”
Neza cane. None nibiki bizoba kuri babandi bakora ibintu vyiza mw’izina rya Yesu Kristo, mugabo batamwizeye? Mbega bazoshobora kwinyegeza banyororombe binjire mw’ijuru? Inyishu ngufi ni, oya! Muri Matayo 7:22, amajambo ya Yesu aravugwa:
“Benshi bazombwira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw’izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’izina ryawe?23 Niho nzobajinjiburira, nti ntaho nigeze mbamenya; mviraho mwabakora ibizira mwe.” (“kuruwo musi” ni kumusi w’amateka)
OK…Uku guhitamwo rero kuzoba uguhitamwo gukomeye mubuzima bwawe bwose. Ni ingingo ikomeye iruta irya ufata kugira uhitemwo ahuzoja gukora, canke aho uzoba. Ningingo iruta mbere uwo uhitamwo kubana, uwuzokubera umufasha mubuzima. Mugihe wanse gufata ingingo uba ahubwp ugararije Imana ukaba uranse ingabire Imana itanga y’agakiza mubuzima bwawe.
Rero iyi ngingo niyo izokwerekana aho uzoba inyuma y’urupfu (ibihe bitazoshira). Ubu, bamwe bavuga ngo “Sinibaza ko hariho Imana (cane cane irya Mana inkunda vyukuri). Abandi Sinizera muri Yesu. Sinibaza ko hari ijuru canke ikuzimu. Gusa sinizera nakimwe muri ibi bintu.
Wibuke ko mugihe c’umuntu yitwa Kolombuse, benshi, cane cane “abanyabwenge” bibaza ko isi ari ikiyaya. Nukuvuga vyukuri vyukuri vyukuri bibaza ko isi ari ikiyaya. Bakavyibaza bibavuye kumitima. Mugabo naho bavyibaza bivuye kumitima mukuri, isi yagumye ari umuzingi, yiburungushuye nkirigi. Nuko bikimeze kugeza uno musi. Igihe ikintu ariko kiri, ntagitigiri c’ukutacizera gishobora guhindura uko kiri.
Ijuru ririho! Ukuzimu kuriho! Imana iriho! Kandi igukunda cane gose kugezaho yarungitse Yesu kw’isi ngo apfe akurihira (nanje andihire n’isi yose) ivyaha. Yesu Kristo yapfuye urupfu twategerezwa gupfa.
Yohana 3:16 “Kubw’urukundo Imana yakunze abari mw’isi arirwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege ngo uwumwizera wese ntazapfe rubi ariko ahabwe ubugingo budashira.”
Ngaha rero aho umuntu afatira ingingo…Bibiliya ivuga ngo utegerezwa gufata iyi ngingo utarava mw’isi. Nukuvuga ko iyi ngingo ifise ikiringo. Ico kiringo ni igihe upfira. Ingingo uzofata zose ukiri muzima nizo zizoba ingingo zizokwerekana aho uzoba ibihe bidashira, ari mw’ijuru canke mukuzimu.
Mubaheburayo 9:27 havuga:
“Kandi nkuko abantu babikiwe gupfa rimwe, hanyuma yahoo hakaba amateka”
Nimba witeguye gufata iyi ntambuko y’ukwizera, ndagusaba uvuge iri sengesho rimwe, Ni isengesho rizogushira mukibanza cokurekurira Yesu Kristo aze mumutima wawe nomubuzima bwawe. Agomba kukufasha ugire ubuzima bwama. Agomba agufashe mukukurongora ahantu hagoye, kandi akube hafi murivyo bihe biba bigoye. Agomba kukubera umugenzi w’umwizigigwa. Hanyuma agomba ko uzoba urikumwe nawe igihe azoshiraho bwa bwami bwiwe buhoraho mw’ijuru.
“Mwami Yesu, Ndagukeneye. Ndicishije bugufi ndaguhamagara. Ndarushe nogukora ibintu munzira zanje. Mfasha ntangure gukora ibintu munzira yawe. Ndaguhaye kaze mumutima wanje nomubuzima bwanje kugirango umbere UMWAMI N’UMUKIZA. Uzuza ukugaduka kuri muri jewe Mpwemu wawe Yera, n’urukundo rwawe ungire uwukwiye, uwuzuye. Mwami Yesu mfasha ndakwizere. Mfasha gutahura ubuntu bw’Imana Data, imbabazi ziwe n’amahoro yiwe. Urakoze ! Amen!’’
Nimba wavuze iryo sengesho rigufi, mukuri kuri mumutima wawe, uri mwenedata muri Kristo. Reka mbe uwambere mvuga nti, KAZE MUMURYANGO W’IMANA !!!!!