Inkuru yo muri Bibiliya y'Umwana w'ikirara

Luka 15:11-32

Umugani w’umwana w’icangazi

Kand’ arababgira, ati Habaye umuntu yar’ afise abahungu babiri. Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe. Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu. Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ ico gihugu, atangura gufutana. Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.
Luka 15:11-15

Yifuza guhazwa n’ibishishwa ingurube zarya, ntihagira umunutsa. Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahazwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe. Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira.
Luka 15:16-20

Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe. Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, muzane ya shuri inuze, muyibage, turye tunezerwe: kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.

Arik’ umwana wiwe w’imfura yari mu ndimiro; arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo.
Luka 15:21-25

Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivy’ ari vyo. Aramwishura, ati Murumunawe yaje, so yamubagiye ya shuri inuze, kukw amubonye agikomeye. Araraka, yanka kwinjira: se arasohoka, aramwinginga. Maz’ abgira se, ati Raba iyi myaka ingana irtya ngukorera, ntaho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje ntaho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi. Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubagira ishuri inuze.
Luka 15:26-30

Na we aramubgira, ati Mwana wanje, tubana imisi yose, kand’ ivyanje vyose n’ivyawe: arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunawe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.
Luka 15:31-32