Ndibaza ko abakristo benshi hagera igihe bata Imana murugendo rwabo bafitaniye n’Imana. Dutandukana n’Imana kubera ibituma bitandukanye. Bamwe batandukana n’Imana imisi mike. Abandi bashobora gutandukana n’Imana indwi zingahe, canke amezi, mbere n’imyaka.
Munkuru y’umwana w’icangazi Yesu yavuze, umwana yatakaye yoba yari yagiye mugahinga ahamara n’iburiburi imyaka ibiri. (Igihe uwo mwana yari yagiye habaye inzara. Ikigoyi gifata imyaka 2 kugira ciyagure).
Mugabo nimbi wataye Imana imisi 2, amezi 2, imyaka 2 canke irenga, inzira itugarukana ku Mana Data yacu idukunda iguma arirya nyene imwe.
Intambuko ya 1. Igihe dutahuye rero ko twataye inyonga z’Imana Data, haca haza umubabaro ukomeye cane mumitima yacu. Duca twipfuza gose gusubira kwumva urukundo,
Ukurindwa n’ukubaho kw’Imana mubuzima bwacu. Muri Luka 15:17 havuga, “Yisubiyemwo, aribwira, at’abacangero ba Data bangana kuriya, kandi bahazwa n’ivyokurya bakabisigaza, nanje jeho inzara iriko iranyicira hano”.
Mundirimbo “Ndi Umwana w’icangazi”, igice ca kabiri mugitero cambere havuga ngo, “kandi igihe nari mumwanda no mucaha canje, Umwiza wera waramuritse, ubwenge bwanje bwukuri buca burangarukako, ivyiyumviro vyanje vyose bica bija kuri wewe”.
Igihe twigarutseko, ivyiyumviro bikatugarukako, tuba twiteguye vyukuri gusubira gutangura urugendo n’Imana Data munzira zayo zihezagiye. Aho nyene rero, urugendo rwacu ruba rutanguye dufise imitima iciye bugufi kandi imenaguritse.
Intambuko ya 2: Ukwihana nimpinduka y’umutima nivyo bikenewe kugira habe ukujabuka gukwiye umuntu ava mukuba icangazi nogusubizwa itoto bikwiye umuntu ahindurwa umwana (umuhungu canke umukobwa) w’Imana.
Munkuru iri muri Luka 15, Umwana ahitamwo kubwira se ko yacumuye kuwo mw’ijuru no kuri se wiwe bwite. Ko adakwiye kwitwa umwana wiwe, akaba asaba gufatwa nkumwe mubasuku ba se. Mugitero cagatatu c’indirimbo “ndi umwana w’icangazi”, amajambo 7 yambere avuga, “ Maze nihanye nkahindura umutima” nibaza ko ijambo rikomeye ngaha ni “…nka…”.
Igihe dushaka gusubiza itoto ubucuti bwatosekaye bwari hagati yacu n’Imana, ukwihana kurakenerwa. Mubisanzwe birengeye gusabwa, birakenewe cane, nitegeko kandi nivyo bikwiye gukorwa.
Mumyaka myinshi nari ndi mungoyi y’ingeso mbi yanyizingiyeko. Nk’imisi yose, maze kurembeshwa niyo ngeso, narashobora gupfukama kandi nkasenga. Nukuvuga aya masengesho yari ayukuri, avuye ibwina mumutima wanje.
Kenshi wasanga mvuga nti “Mana, ndasavye imbabazi cane kubera naguhemukiye, ndongera ndihemukira jewe ubwanje kandi. Ndagusavye ndagusavye ndagusavye umfashe
SINZOSUBIRE kandi kwiyinjiza muri kirya caha ukundi. Kenshi, ayo masengesho yaherekezwa n’amarira y’ukuri. Hanyuma haciye umusi, canke indwi, canke ukwezi, canke umwaka ugasanga nasubiye kugwa muri ca caha kandi. Numva niyanse, niciera urubanza, namaganya menshi nakabonge
kenshi numubabaro bigomba kunyica.
None nigiki cahinduka? Naba mfise ihinduka ry’umutima. Wewe nanje ntidushobora kuvura umutima, kubaga umutima aritwebwe twenyene tuvyigiriye, iki nikintu Imana Data wenyene ashobora kudukorera. Inkuru nziza nuko ihinduka ry’umutima Imana Data niwe wenyene
ashaka kukugirira kandi ashoboye mbere abifitiye ishaka kubitugirira wewe nanje.
Isengesho ni rigufi kandi ryoroshe:
‘’Mana Data hari ivyaha mubuzima bwanje jewe ubwanje ntashobora gutsinda. Ivyo vyaha nibi…(Bidondagure ivyo vyaha, izo ngeso) nkaba ndagusaba ubisambagure burundu usambure nubushobozi bimfiseko. Ndagusaba uhindure umutima wanje. Ndasavye iri hinduka rikwiye mw’izina rya Yesu Kristo, Umwana wawe akaba Umwami wanje n’Umukiza wanje. Amen.’’
1 Samweli 10:9 ‘’(Sauli) Akirora irya avuye aho Samweli ari, Imana imuha umutima musha: maze kuruwo musi nyene vya bimenyamenya vyose birashika’’