Kumukristo yizeye inyishu ngufi ni: “Ego cane”. Hari ibice birenga 30 vyomuri bibiliya bivuga ivyokuza kwakabiri kwa Yesu. Jewe nerekanye bitatu gusa.
Abaheburayo 9:28 “Na Kristo nuko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishireko ivyaha vya benshi, azoboneka ubwa kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze”
Isezerano rya Yesu kubizera:
Yohana 14:1-3 “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. Imuhira kwa Data hari amazu menshi, iyaba atariho mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana iwanje, ngwahondi namwe abe ariho muba”
Ikintu canyuma kubijanye nukuza kwa kabiri kwa Yesu Kristo nuko abizera bose bazobana na Yesu mubwami bwiwe ibihe vyose.
Ivyahishuriwe Yohana 11:15 “Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw’ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ubwami bw’isi buhindutse ubw’Umwami wacu, nubwa Kristo Wiwe, kandi azohora ahangamye ibihe bitazoshira!”
Nkuwizera Kristo Yesu, ndindiranye igishika cinshi gose uwo musi mfise ukwitega kwinshi n’umunezero mwinshi.